burundi 𝕏 space Alexis SINDUHIJE atwara msd yishuye neza ibibazo vyose yabajijwe
>> YOUR LINK HERE: ___ http://youtube.com/watch?v=Bosct3ESoDs
Mu kiganiro (Space 𝕏) twakoranye n'uwurongoye umugambwe MSD mu Burundi, twakoranye na Reynold Butari hamwe na Jones Josephine Nkunzimana, itarike 23/06/2024, kabaye rero akaryo keza ko gutahura ibibazo vya poritike biri mu Burundi no kuganira na Alexis #sinduhije adahishahisha canke ngo hagire ikibazo na kimwe atishurako ! • 📢 #theme : « Imyaka 15 y'ukubaho kw'Umugambwe MSD : inkomoko yawo, ingorane bahuye mu gushinga uwo mugambwe hamwe n'ivyiyumviro ngenderwako bishirwa imbere mu ntumbero ya kazoza keza k'uburundi » • 🧿✅ IVYO TWAGANIRIYEKO : • Twaganiriye ahanini ku myaka 15 iheze umugambwe MSD ushinzwe : inkomoko yawo, ivyo bashitseko hamwe n’ingorane zabashikiye. • Ivyiyumviro vya Alexis Sinduhije ku bijanye n'ikazoza ka MSD na kazoza k'Uburundi. • Ni igiki bategura kugira bashobore gusubira mu gihugu hamwe n'ibintu vyotuma ivyo bishoboke. • Yarishuye kandi ibibazo vyinshi bitandukanye yabajijwe n'abadukirikiye harimwo : ibijanye n'umutwe w’abarwanyi b’umuhari Red-Tabara ; ibibazo ku vyagirizo vyo kugaba ibitero ku Banyamulenge ngo vyoba bikorwa na Red-Tabara ; ivyo yiyumvira ku nkuru z’uko imbonerakure zoba zarahawe imipanga ; eka n'ibindi vyinshi. • Nimwumvirize kandi musangire n’abandi (PARTAGEZ) ! • Nimwiyandikishe (ABONNEZ-vous à la chaine) kugira ntihagire ikindi kiganiro musiba.
#############################